Umurundikazi aronse ubwenegihugu bw'Urwanda,mu misi uzokwumva ageze ku rwego rwo kuja muri leta nk'ukwo vyabaye kuri mugenzi we yashizwe muri leta ya Canada
"Ni ukwo, Uhoraho abwira umurundi ati:"aho uzohonyoza ikirengehe hose ndahaguhaye.''
Umurundikazi Iradukunda Grace Divine yamenyekanye nka DJ Ira mu kazi ko kuvanga umuziki, ahawe ubwenegihugu bw'Urwanda inyuma y'uko Prezida Paul Kagame amwemereye ubwenegihugu bw'u Rwanda kuri uyu wa 16 Ntwarante 2025, agahita asaba ababijejwe kubikurikirana abuhabwe vyihuse.
Uyu mwigeme yari mu bihumbi vy'abanya Rwanda bari muri BK Arena bagiranye ikiganiro na Prezida Paul Kagame, ahawe ijambo yashimiye Prezida Paul Kagame ko yatumye abana b'abanyamahanga bahabwa amahirwe angana n'ay'Abanyarwanda, bikaba uko ku mwana w'umukobwa n'uw'umuhungu.
DJ Ira yavuze ko yagiriye amahirwe menshi mu Rwanda, ndetse akaba yifuza ubwenegihugu akitwa Umunyarwandakazi.
Uyu mukobwa w'imyaka 27 amaze igihe ari umwe mu bakunzwe mu rwego rw’imyidagaduro mu Rwanda, ubona ko yacuraranze mu birori n'ibiteramo bitandukanye bikomeye birimwo ivya Miss Rwanda 2017 na 2022, Trace Awards & Festival 2023, na Basketball Africa League (BAL).
Yaranacuraranze mu nkino zo gushaka itike y'igikombe c'Isi ca FIBA 2023.
DJ Ira yavukiye i Gitega mu Burundi ku wa 7 Nzero 1997.
Mu mwaka w'2015, yagiye mu Rwanda kuramutsa muvyara we DJ Bisoso, yari asanzwe akora umwuga wo kuvanga imiziki mu Rwanda.
Inyuma yo kubona ukwo DJ Bisoso yinjiza amafaranga menshi mw' ijoro rimwe, vyamuhaye iciyumviro co kuba na we yokora akazi ko kuvanga umuziki kinyamwuga.
DJ Bisoso ni we yamwigishije kuvanga umuziki, atangura kuja acuraranga mu birori bitandukanye ndetse atangura kubona amafaranga ku buryo aronka nayo abo mu muryango wiwe i Burundi.
Mu mwaka wakurikiyeho w'2016, DJ Ira yatanguye kumenyekana cane, maze ashirwa mu ba DJ bacuraranze mu ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star.
Imyaka yakurikiye na yo yaje kumubera umugisha avanga imiziki mu birori bikomeye birimwo n'ivyo kwamamaza Umukuru w'Igihugu Paul Kagame mu bihe vy'amatora.