AMAVANGINGO NI IKI ?
Mwiriwe neza, n'ijoro hari umumama yansavye ko nobategurira icirwa kuvyerekeye amavangingo.
Rero nico narindabazaniye.
AMAVANGINGO NI IKI ?
Amavangingo ni amazi asohoka iyo Abubakanye bari mugikorwa c'abashakanye.
Rero abagore bose ntibameze kumwe, baratandukanye bivanye n'ubwoko bw'umubiri wabo, bivanye nukuntu babanye n'abagabo babo, bivanye n'amagara yabo kandi bivanye n'ubushobozi canke ubumenyi bw'umugabo muri ico gikorwa.
Reka tubisigure neza mu buryo bwa science ariko bworoshe kumva, kugira bikubere inyigisho y’ukuri kandi isobanutse.
Muri iyi nyigisho ndabashikiriza ubwo 4 bw'abagore, dufatiye kuri ayo mavangingo(liquides vaginaux, sécrétions vaginales)
🔹 Ubwoko 4 bw’abagore dukurikije amavangingo (amazi y’ububobere)
1️⃣ Abagore bafise amazi menshi (“mouillants”)
Abo bagore amavangingo yabo arasohoka menshi cane igihe bariko bararyoherwa. Bikunze kuba mugihe umugore y'insanzuye abanye neza n'umugabo kandi igikorwa cumvikanyweko.
Umubiri wabo urasubiriza vuba, kandi imibonano iba yoroshe cane.
Akarusho ni uko bibafasha kutababara no gusanga igikorwa c’imibonano kigenda neza.
Akenshi bifitaniye isano n’uko umubiri wabo ufise estrogen nyinshi. Kandi umugabo akaba afise ubumenyi buhahije muri ivyo bikorwa.
🩷 Bafitaniye akamaro n’ubuzima bwiza bw’imyororokere, ariko rimwe na rimwe bashobora kugira amazi menshi cane no mu bihe bidakenewe (kuvuga ngo “ni umubiri ukora cane”).
2️⃣ Abagore bafise amazi make (“secs partiels”)
Abo bagore barashobora kumva igishika, ariko amazi ntasohoke cane. Bivanye nuko bayitiranije n'uwanda muto(urines) agatinya kuyasohora, canke umugabo bikamugora kubimufashamwo.
Imibonano ishobora kugenda neza ariko rimwe na rimwe hakabaho ukumagara.
Ibi bishobora guterwa na stress, gukena k’amazi mu mubiri, kuba umugabo atamuteguye bihagije canke ibihe vy’imihango.
Abo bashobora gufashwa n’amavuta y’inyongera (lubrifiant).
3️⃣ Abagore bafise ububobere gusa, atamazi aza (“collants” ou “visqueux”)
Abo bagore igihe baryoherwa, haba hari ububobere bwo mu mpande y’igitsina, ariko amazi ntabasohokere hanze.
Umubiri wabo wumva igishika neza, ariko urigumya imbere.
Rimwe na rimwe abagabo bagira ngo “umugore ntiyaryohewe”, kandi atari vyo — ni uko amavangingo yabo yifata imbere kandi umubiri wabo akaba ariko uremetse.
🩷 Ni ibisanzwe kandi si ikibazo na kimwe. Abo baba bafise ububobere bwiza imbere, n’uburyo bwabo bwo gutekana.
4️⃣ Abagore bumye (“secs”)
Abo ni abagore batagira ububobere canke amazi igihe bakoranye n’umugabo.
Imibonano ibabaza cane, canke igatuma bataryoherwa barahahamurwa n'ibibonano kuburyo bumva uwo bubakanye atashe bagatangura kuganya.
Bishobora guterwa n’impamvu zitandukanye:
kwigunga canke kubura urukundo rw’ukuri,
ibibazo vya hormone (menopause, imiti),
stress n’ubwoba,
canke ikibazo c’uburwayi (infection, inflammation).
Bishobora guterwa n'umubano mubi hagati yiwe n'uwo bubakanye,
Bishobora guterwa n'ibikomere yagize canke igihe yoba yaraherageje kufatwa kunguvu bigapfa canke bigakunda.
🩷 Abagore b’ubu bwoko barakeneye kumenyekana no gufashwa neza haba mu rukundo, mu ruhumurizo, no kwa muganga.
Ndakengurukira abantu muyonda kuri #suivre, kuri #j' aime n'abantu mubisangiza abandi.
website https://bienvenudo.co