Brigitte Macron yijihije isabukuru y 'imyaka 15 amaze abana na Emmanuel Jean Michel Macron.

By BIENVENUDO Empire
22 hours ago

Uko umugabo wa Brigitte Macron uko yabyitwayemo igihe umugore amubwiye ko agira yahukane agende kwibanira na Emmanuel Macron ubu asigaye atwara igihugu c'ubufaransa.

Ikinyamakuru c'abafaransa VOICI gitangura kivuga ko imbere y'uko Brigitte Trogneux aba umugore wa Emmanuel Macron yari asanzwe yubakanye na André-Louis Auzière bamaranye imyaka 31

Mugihe uyu mugabo bari basanzwe bafitaniye abana batatu yumvise ko umugore agira amuhebe aje kuwundi mugabo, yarababaye cane ndetse aravyerekana.

Mumwaka wa 1992 igihe umukuru w'igihugu c'ubufaransa yari afise imyaka 16, niho yahura na Brigitte Trogneux yari asanzwe akwije imyaka 39 akaba n'umwigisha wiwe, hama uyu muhungu Macron w'imyaka 16 aza gukunda umwigisha wiwe w'imyaka 39 kandi anamubwira ko azomutwara n'ubwo vyaboneka nk'amajambo y'umwana muto nyene.

Ico gihe Brigitte Trogneux we yari asanzwe yubakanye na  André-Louis Auzière mbere bafitaniye abana batatu. Igihe Andre yumviye ko Brigitte asigaye agendana n'umunyeshure wiwe ntivyakiriwe neza mumuryango.

Brigitte yahavuye aja muvyo gutwarwa n'iciyumviro ca Macron c'urukundo mbere ategura no kubana nawe imbere y'uko aba umukuru w'igihugu, gutyo agasezera ubuzima yabayemwo ubwambere.

Uyu mupfasoni yabwiye abamenyeshamakuru ko yatwawe n'ukuntu Macron yari umuntu yoroshe gukunda, imigenzo yiwe ndetse amukundira n'ukuntu yari umunyabwenge w'umukozi.

Intango y'urukundo rwabo ntiyakiriwe neza n'imiryango yabo mbere n'ikibano nyene, yamara kuri André-Louis Auzière we vyabaye ibindi

André-Louis Auzière yari asanzwe akora mw'ibanki yarashangashiwe aca afata ingingo yihuta yo kwahukana.

Munkuru y'ubuzima bwa Brigitte yanditswe n'umumenyeshamakuru Maëlle Brun, uyu mumenyeshamakuru agira ati: " Igihe umugabo wiwe yumviye ukuri, yabifashe nabi cane. Urabona kuguzwa n'umunyeshure yigana n'umukobwa wawe, urya mwana yama aza no muhira iwe nuko ivyobintu biragoye kwakira."

Andre yahavuye atora iciyumviro co kunyika arata urugo aragenda hatarasinywa n'amasezerano yo gutandukana nk'uko bivurwa n'ababanyi biwe babiri "Ntitwasubiye kumubona wamenga yanyitse"
Amasezerano yo kwahukana hagati y'aba babiri akaba yagiye gusinywa mumwaka wa 2006

Maëlle Brun munkuru yiwe avuga ko n'abana batatu ba Andre na Brigitte vyabagoye kwakira kubona nyina atwarwa n'uwo munyeshure.

Ikinyamakuru VOICI kivuga ko urukundo rwa Macron na Brigitte rwahavuye rukomera, mbere Brigitte akaba aharurwa mubantu bafashije cane umugabo wiwe mukazi ka politike asanzwemwo, bakaba bahimbaje imyaka 15 babana italiki 20 z'ukwicumi mumwaka wa 2022.
#Bienvenudo#Empire

#Nagaciro

Tags:

#update

Related Updates

WhatsApp Google Map

Safety and Abuse Reporting

Thanks for being awesome!

We appreciate you contacting us. Our support will get back in touch with you soon!

Have a great day!

Are you sure you want to report abuse against this website?

Please note that your query will be processed only if we find it relevant. Rest all requests will be ignored. If you need help with the website, please login to your dashboard and connect to support

;