Charles Hillary yahoze ari umunyamakuru rurangiranwa wa BBC yapfuye Charles Hilary yahoze ari umumenyeshamakuru wa BBC mu gisata c’Igiswahili yasandavye mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu

By Bienvenudo.com
yesterday

Event Details:

google.com, pub-8424431947926653, DIRECT, f08c47fec0942fa0Charles Hillary yahoze ari umunyamakuru rurangiranwa wa BBC yapfuye 

Charles Hilary yahoze ari umumenyeshamakuru wa BBC mu gisata c’Igiswahili yasandavye mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu, nk’uko bitangazwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Zanzibar. 

Hilary, umunyamakuru yamamaye cane muri Tanzania no muri Afrika y’Ubuseruko kubera umwuga wiwe nk’umunyamakuru, yari arongoye igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu muri Zanzibar akaba kandi yari n’umuvugizi wa reta ya Zanzibar. 

Itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu rivuga ko Hilary yapfiriye mu bitaro Mloganzila mu gisagara ca Dar Es Salaam. Amakuru atangwa n’umuryango wiwe avuga ko yari yanyarukanywe kwa muganga inyuma yp kurwara bukwi na bukwi ari i muhira iwe. 

Hilary yinjiye muri BBC mu 2006 aba umwe mu banyamakuru bashikiriza amakuru, akaba kandi yaramamaye cane mu kiganiro c’umupira w’amaguru, Ulimwengu wa Soka, co mu gisata c’Igiswahili catangaza amakuru y’ikibiriraho y’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’Ubwongereza. 

Yabaye kandi umwe mu batanguje amakuru ku mboneshakure y’Igiswahili, Dira TV mu 2012. Yagiye kuva kuri BBC asubira muri Tanzania mu 2015 inyuma y’imyaka icenda yari amaze ayikorera.
Charles Hillary yahoze ari umunyamakuru rurangiranwa wa BBC yapfuye 

#bienvenudo News 

Date and Timings:

11-05-2025 08:14 PM to 25-04-2026 08:19 PM

Event Location

Tags:

#Charles Hillary

Related Updates

WhatsApp Google Map

Safety and Abuse Reporting

Thanks for being awesome!

We appreciate you contacting us. Our support will get back in touch with you soon!

Have a great day!

Are you sure you want to report abuse against this website?

Please note that your query will be processed only if we find it relevant. Rest all requests will be ignored. If you need help with the website, please login to your dashboard and connect to support

;