IKINYOMA KUMAVANGINGO
_____________________
Mwaramutse neza, nyuma yaho ntangiye inyigisho KUMAVANGINGO n'ubwoko bw'abagore, hari abagumye bambaza nimba hari ico umuntu yokora kugira ave kurwego rwa bafise makeya aje kubafise meshi, narabonye nabifashishije iyo inyigisho mugutuburira abantu bababwira ko bafise umuti kuyongereza vyihuta.
Muri make ntawovuga ko bidakunda ko uva kuri iyi étape uja kuyindi, ariko ikiruta vyose nukumenya uko umubiri wawe umeze. Ukiyinjiramwo ukabanza ukaraba ko kuva wubatse atayo wigeze uronka, ukaraba icabiteye, canke wageze igihe wari uyafise hanyuma ukayabura nubundi ukaraba icabiteye.
Ico mwomenya coco, nuko ukiri umukobwa uba utaramenya neza ko uyafise, rero ntiwofata ivyo vyose bakubwira ngo birayazana kandi utazi uko umubiri wawe uhagaze.
Ikihari nuko kumenya ko uyafise canke utayafise umaze kubaka, ince zaracitse, nukuvuga umubiri wawe umeze kumenyera birya bikorwa.
Upunti yokwibaza ati kubera iki ayo mavangingo abura ?
Abahinga avugako lira mugore wese ayafise, none bica kuki ngo uyu canke uyundi yisange atayafise ?
1.. Keshi brava ukuntu umukobwa canke umugore bashobora kuba yarahohotewe akiri umwana, nkogushaka gufatwa kunguvu canke gufatwa kunguvu
2. Birava kandi ukuntu umugore ashobora kuba yararwaye ama infection vaginale canke urinaire akamusinzikaza.
3. Amaze kubaka birashobora kuva ukuntu umugabo wiwe atamutegura neza ngo aje mugikorwa yaciyumvisemwo kuko bikwiye,
4. Birava kandi kukuntu umugabo naho yoba yamuteguye adafise uburambe bwo gukora ivyo bikorwa uburyo bunogeye,
5. Birava kandi kwitituka ry'urukundo hagati yabubakanye kuburyo bataciyumvanamwo
5. Birashobora kuva kukuntu kandi umugabo yama afata kunguvu umugore bakabikora batavyumvikanyeko bigatuma umugore aguma a ubwoba bwavyo kuburyo yumvise umugabo atashe umugore abura iyo anyikira.
7. Birava kandi kukuntu yakozwe umunsi wambere babikora akababa yarababaye birenze urugero umutima wiwe ukabizinukwa.
Rero tumaze kubona ibishobora kubitera, wewe usanze ufise ico kibazo, cugerageza kwibwiza ukuri, urabe icoba caratumye ugira ico kibazo niho vyoroha kugisha inama yico wokora.
Kuko uwuyabuze kubera yagize ihungabana muriwe yatewe n'ubwamukuye ubusugi, ntahabwa inama imwe nuwayabuze kubera Amaze kumenya ko umugabo wiwe ashobora kuba amuca inyuma.
Rero mwirinde ababahenda barondera kubarirako amahera ngo baravura ingwara zose, ngo nabatavyara baravyara, waraba ugasanga na bariko baradandaza iyo miti harimwo abatavyara 😭😭😭
Bishobotse ubonye igikorwa kikubangamira kubera wumye, woca kwa muganga bakaguha lubrifiant bikagenda neza, canke imiti vyongereza m hormones.
Gerageza kunywa amazi meshi, uronse gombo uyikatire mumazi uyimywe isaha imbere yuko winjira mugikorwa, uronse ivyamwa ubifungure: inanani, imicungwe, imisigati, imboga zicatsi.....
Muhezagirwe mwese.