🇮🇱🇵🇸 Imwe mu ngingo zishobora gukwega akarambaraye kw'isi mu misi mike gusa
Umushikiranganji wa mbere wa israel yashikirije ko ingabo za israel mumisi iza zigiye gufata igice ca gaza cose.
Twibukanye ko israel icuditse na reta zunze ubumwe bwa amerika mu bintu vyose . umukuru w'igihugu ca amerika yarashikirije umugambi afise wo kuzokubaka intara ya gaza amazu agezweho ikanamwitirirwa , bati uravye ivyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere wa israel uca ubona ko umugambi wa trump woba uriko ushirwa mu ngiro.
Igihe nyakubahwa donald trump ashikiriza uwo mugambi ibihugu vyinshi vy'abarabu vyarateye ivyatsi bati ihibambewe ntamunya gaza azova iwiwe .
Ibi rero israel yashikirije bishobora gukwega intambara ikomeye bigatuma habaho imigwi y'iterabwoba ifise inguvu yoba inashigikiwe na bimwe mu bihugu rutura vyabarabu kugira israel bayituze mu gace ka gaza .
Nk'uko vyigeze kuba kugihugu ca qatar igihe bahagarika umugwi wa fc barcelone kwambara ishirahamwe qatar airways , haravuzwe cane ko basanze ico gihugu gitanga inguvu ku migwi y'iterabwoba .
Mbega. Bigiye kugenda gute kubanye gaza ?
mwibuke gukora comment
#bienvenudo