by Bienvenido Info
August 23rd 2025.

inkuru y'umubabaro

Inkuru ya Yves

Yves yari umusore akunda cane umukobwa yitwa Diane. Bamaranye igihe bakundana, urukundo rwabo rwari ruremereye. Umusi umwe, Diane yamubwira ko afise inda. Yves ntiyigeze abaza ibibazo, yaramwumvise amubwira ati:

— “Umwana azoba uwacu, nzogufasha uko nshoboye.”

Yves yaratanguye gukora akazi kugira ngo aronke ayo gufasha Diane no gutegura izina ry’umwana. Yararyohewe cane, arakunda uwo mwana kuva akiri mu nda.

Haheze igihe, Diane aravyara. Umwana baramwita Elie. Yves yamwakiriye nk’umwana wiwe, aramukunda n’umutima wose.

Ariko uko imisi yagiye irahera, abantu batangura kuvuga ngo:
— “Uwo mwana ntasa na Yves namba.”

Yves ntiyavyitayeho, ariko umutima wiwe waratanguye guhagarara nabi. Inyuma y’imyaka ibiri, yaciye afata ingingo yo gupima ADN mu mpisho.

Inyishu zaramutangaje cane: umwana ntiyari uwe.

Yves yaragandaye, umutima uramushirayo. Yagiye kubaza Diane ico vyoba bisigura. Diane amubwira ati:

— “Urambabarira, sinari nizeye ko uwo mwana ari uwawe. Hari uwundi twaryamanye imbere gato y’uko duhura nawe.”

Yves yarabuze ico avuga, amarira amwuzura mu maso. Yaciye avuga:

— “Narabaye umuvyeyi w’umwana atari uwanje. Narakunze ivyari ibinyoma.”

Yaciye agenda, ataye urukundo, ata n’umwana yari yarakaye 

BIENVENIDO INFO user

Bienvenido Info

[email protected]
Search Website

Search

Explore

Categories

Explore

Tags

Subscribe

Newsletter

WhatsApp Google Map

Safety and Abuse Reporting

Thanks for being awesome!

We appreciate you contacting us. Our support will get back in touch with you soon!

Have a great day!

Are you sure you want to report abuse against this website?

Please note that your query will be processed only if we find it relevant. Rest all requests will be ignored. If you need help with the website, please login to your dashboard and connect to support