inkuru y'umubabaro
Inkuru ya Yves
Yves yari umusore akunda cane umukobwa yitwa Diane. Bamaranye igihe bakundana, urukundo rwabo rwari ruremereye. Umusi umwe, Diane yamubwira ko afise inda. Yves ntiyigeze abaza ibibazo, yaramwumvise amubwira ati:
— “Umwana azoba uwacu, nzogufasha uko nshoboye.”
Yves yaratanguye gukora akazi kugira ngo aronke ayo gufasha Diane no gutegura izina ry’umwana. Yararyohewe cane, arakunda uwo mwana kuva akiri mu nda.
Haheze igihe, Diane aravyara. Umwana baramwita Elie. Yves yamwakiriye nk’umwana wiwe, aramukunda n’umutima wose.
Ariko uko imisi yagiye irahera, abantu batangura kuvuga ngo:
— “Uwo mwana ntasa na Yves namba.”
Yves ntiyavyitayeho, ariko umutima wiwe waratanguye guhagarara nabi. Inyuma y’imyaka ibiri, yaciye afata ingingo yo gupima ADN mu mpisho.
Inyishu zaramutangaje cane: umwana ntiyari uwe.
Yves yaragandaye, umutima uramushirayo. Yagiye kubaza Diane ico vyoba bisigura. Diane amubwira ati:
— “Urambabarira, sinari nizeye ko uwo mwana ari uwawe. Hari uwundi twaryamanye imbere gato y’uko duhura nawe.”
Yves yarabuze ico avuga, amarira amwuzura mu maso. Yaciye avuga:
— “Narabaye umuvyeyi w’umwana atari uwanje. Narakunze ivyari ibinyoma.”
Yaciye agenda, ataye urukundo, ata n’umwana yari yarakaye