🇧🇮🇷🇼 Ubwenegihugu bw’umunyarwandakazi bwoba bugiye gufasha iki IRADUKUNDA Grâce Divine azwi nka DJ Ira ?
➡️ Mugihe president Paul Kagame yaganira n'ababa mu muji wa Kigali muri Bk Arena, iyo mvukira y’I Gitega, yamenyekanye cane mu mwuga wo kuvanga imiziki, aho ariwe bitumwako mu misi mikuru nka yose mu gihugu c’u Rwanda, yarafashe ijambo ashikiriza ko yipfuza kubandanya akazi kiwe yitwa umunyarwandakazi. Yabanje gushimira umukuru w’igihugu c’u Rwanda ko bamufashe neza, ndetse ko muri ici gihugu yasanze abanyamahanga bahabwa uburenganzira bwo gukorera mu gihugu bungana n’ubw’imvukira zaho.
🫣Bamwe bariyumviriye ico
gusaba ubwenegihugu
bwiwe kizokwongera mw’iterambere ryiwe mugihe yari asanzwe ari igihangange, kandi n’ubundi ataco yari asanzwe abura nk’uko yavyivugiye. Na rirya no mu Burundi, abanyarwanda canke abanyekongo bahaba batiyumva nk’impunzi canke abanyamahanga.
💬Abandi bakavuga ko igihe cose wisanze uri mu gihugu atari icawe naho woba uzwi canke ufise ububasha
vyama bifise intambamyi, kuko nko gutembera nu bindi bihugu vyahora bimusaba gukoresha igitabo c’inzira arinze kurondera i Bujumbura. Mbere agashobora no guhomba utundi turusho ashobora duhabwa imvukira.
👏🏽Tumukeza Dj ira ko yagabanye ico umutima wiwe wari wipfuza, twomusaba ko yoguma azirikana aho yataye uruzogi, ko batoyi biwe b’abakobwa cane cane bakeneye uruhara rwiwe nka mukuru wabo mu mwuga no mu buzima busanzwe.