Iradukunda Grace Divine uzwi nka DJ IRA guhabwa ubwenegihugu akaba umunyarwandakazi bizahindira iki ku buzima bwe ? Umva icyo Abarundi bakomeje kubivugaho.

By BIENVENUDO Empire
Fri, 21-Mar-2025, 14:13

🇧🇮🇷🇼 Ubwenegihugu bw’umunyarwandakazi bwoba bugiye gufasha iki IRADUKUNDA Grâce Divine azwi nka DJ Ira ?

➡️ Mugihe president Paul Kagame  yaganira n'ababa mu muji wa Kigali muri Bk Arena, iyo mvukira y’I Gitega, yamenyekanye cane mu mwuga wo kuvanga imiziki, aho ariwe bitumwako mu misi mikuru nka yose mu gihugu c’u Rwanda, yarafashe ijambo ashikiriza ko yipfuza kubandanya akazi kiwe yitwa umunyarwandakazi. Yabanje gushimira umukuru w’igihugu c’u Rwanda ko bamufashe neza, ndetse ko muri ici gihugu yasanze abanyamahanga bahabwa uburenganzira bwo gukorera mu gihugu bungana n’ubw’imvukira zaho.

🫣Bamwe bariyumviriye ico 
gusaba ubwenegihugu 
bwiwe kizokwongera mw’iterambere ryiwe mugihe yari asanzwe ari igihangange, kandi n’ubundi ataco yari asanzwe abura nk’uko yavyivugiye. Na rirya no mu Burundi, abanyarwanda canke abanyekongo bahaba batiyumva nk’impunzi canke abanyamahanga.

💬Abandi bakavuga ko igihe cose wisanze uri mu gihugu atari icawe naho woba uzwi canke ufise ububasha 
vyama bifise intambamyi, kuko nko gutembera nu bindi bihugu vyahora bimusaba gukoresha igitabo c’inzira arinze kurondera i Bujumbura. Mbere agashobora no guhomba utundi turusho ashobora  duhabwa imvukira.

👏🏽Tumukeza Dj ira ko yagabanye ico umutima wiwe wari wipfuza, twomusaba ko yoguma azirikana aho yataye uruzogi, ko batoyi biwe b’abakobwa cane cane bakeneye uruhara rwiwe nka mukuru wabo mu mwuga no mu buzima busanzwe.


Tags:

#update

Related Updates

WhatsApp Google Map

Safety and Abuse Reporting

Thanks for being awesome!

We appreciate you contacting us. Our support will get back in touch with you soon!

Have a great day!

Are you sure you want to report abuse against this website?

Please note that your query will be processed only if we find it relevant. Rest all requests will be ignored. If you need help with the website, please login to your dashboard and connect to support

;