Mu gihugu ca Cameroun, haravuzwe inkuru yateye impari n’umudugararo ku mbuga ngurukanabumenyi no mu banyagihugu, aho abapolisi babiri barimwo umu officier bakwirukanwe ku kazi. Intandaro ni amavidewo y’urukozasoni bifashwe bariko bakina mu biro vya polisi. Ayo mavidewo bivugwa ko yafashwe n’umwe muri bo ubwiwe, aca asamiranwa ku mbuga, bituma ivy'iyo video bihinduka ibibazo bikomeye vy’imico n’indangagaciro mu nzego z’umutekano.
Ibiro vya polisi vyaciye bivuga ko bidashigikiye imyifatire nk’iyo, birabirukana ako kanya, hamwe no gutangura amatohoza ku buryo ayo mashusho yamenyekanye.
Muri ico gihe nyene, hirya no hino ku mugabane wa Afurika, haravugwa n’inkuru zisa. Nko mu gihugu ca Uganda, Pasitori Mutesi yavuze ko amashusho agize imishamirano n’ubuyobozi bw’itorero ryiwe atari ukuri, ahubwo ko ari "montage" yagiriwe n’abamwanka kugira ngo bamusemeze.
Izi nkuru zerekanye ko iterambere ry’ikoranabuhanga ritifashishwa neza rishobora kwonona ubuzima bw’abantu ku giti cabo, umwuga, n’icizere barimwo bafitiwe n’abanyagihugu.
#imico #ikoranabuhanga #AfrikaYacu#Bienvenudo