MUGORE, IGARURIRE UMUTIMA W’UMUGABO WAWE
Iyi nyigisho ishingiye ku rukundo, ukwihangana, no kubaka urugo rufise Imana nk’ishingiro.
🔸1. Mugore mwiza, menya ko umutima w’umugabo ashobora gutakara
Hari ibintu vyinshi bishobora gutuma umugabo ahinduka: umunaniro, akazi keshi ibigeragezo(biturutse kubagore/abakobwa canke kukazi), ibiboneka hanze, n'ukuba ata mutekano afise mu rugo. Ariko ntiwite ku biri hanze, wite ku role yawe kumuruhura no kumuremesha igihe yahungabanye.
🔸2. Shira urukundo imbere kuruta ugutsindana
Ntumubanire nk’uwo muriko murarwanira ubutegetsi, ahubwo mubere nk’uwukeneye kubohorwa n’urukundo rwawe. Ashitse iwawe aharonkere akaruhuko ,umutuzo nitekane,akanyamuneze n’ukwisanzura
🔸3. Subira kuba wa mugore wa mbere yamukurura
Hari ibintu wakora kera vyamunezereza. Wari umunyabwuzu, umwumviriza, ukamwereka ko akwiriye. Subira kuri ivyo bintu, n'ubwo bigoye. Mwereke ko kuba yagutoye mu bakobwa bose bo kwisi no mw’ijuru atihenze umurinde kwicuza nukwitako umwikomo. mubere incuti magara n’umujenama wiwe mwiza wirinde kwama uriko uramuca intege muri vyose.
🔸4. Senga Imana, si ukumushinja gusa
Ubundi ubuzima buraboneka imbere y’Imana. N’iyo umugabo wawe yananiwe, Imana irashobora kumuhindura. Senga nk’umwe ashaka kugarura icabuze, si nk’uwucira urubanza. Birya vyose twavuze haruguru bidakunze,ja kumavi umuhereze Imana
🔸5. Ntureke ko urugo rwicwa n’agasomborotso
Niwamugarukira mu rukundo, mu kubabarira, no kumwereka agaciro, azosanga i muhira afise umutekano mutima. Irinde ba sesankuyoze baguteranya numugabo wawe,iga guhora mukanwa igihe cose utaritohoreza ibivurwa kumugabo wawe kandi naho wosanga ari ukuri menya uko umuganirizamwo utamuhutaje niko kuba umugore w’umunyabwenge yubaka urugo rwiwe
🟣 MUGORE, IGARURIRE UMUTIMA W’UMUGABO WAWE
Iyi nyigisho ishingiye ku rukundo, ukwihangana, no kubaka urugo rufise Imana nk’ishingiro.
🔸1. Mugore mwiza, menya ko umutima w’umugabo ashobora gutakara
Hari ibintu vyinshi bishobora gutuma umugabo ahinduka: umunaniro, akazi keshi ibigeragezo(biturutse kubagore/abakobwa canke kukazi), ibiboneka hanze, n'ukuba ata mutekano afise mu rugo. Ariko ntiwite ku biri hanze, wite ku role yawe kumuruhura no kumuremesha igihe yahungabanye.
🔸2. Shira urukundo imbere kuruta ugutsindana
Ntumubanire nk’uwo muriko murarwanira ubutegetsi, ahubwo mubere nk’uwukeneye kubohorwa n’urukundo rwawe. Ashitse iwawe aharonkere akaruhuko ,umutuzo nitekane,akanyamuneze n’ukwisanzura
🔸3. Subira kuba wa mugore wa mbere yamukurura
Hari ibintu wakora kera vyamunezereza. Wari umunyabwuzu, umwumviriza, ukamwereka ko akwiriye. Subira kuri ivyo bintu, n'ubwo bigoye. Mwereke ko kuba yagutoye mu bakobwa bose bo kwisi no mw’ijuru atihenze umurinde kwicuza nukwitako umwikomo. mubere incuti magara n’umujenama wiwe mwiza wirinde kwama uriko uramuca intege muri vyose.
🔸4. Senga Imana, si ukumushinja gusa
Ubundi ubuzima buraboneka imbere y’Imana. N’iyo umugabo wawe yananiwe, Imana irashobora kumuhindura. Senga nk’umwe ashaka kugarura icabuze, si nk’uwucira urubanza. Birya vyose twavuze haruguru bidakunze,ja kumavi umuhereze Imana
🔸5. Ntureke ko urugo rwicwa n’agasomborotso
Niwamugarukira mu rukundo, mu kubabarira, no kumwereka agaciro, azosanga i muhira afise umutekano mutima. Irinde ba sesankuyoze baguteranya numugabo wawe,iga guhora mukanwa igihe cose utaritohoreza ibivurwa kumugabo wawe kandi naho wosanga ari ukuri menya uko umuganirizamwo utamuhutaje niko kuba umugore w’umunyabwenge yubaka urugo rwiwe.
Ndabakunda cane