umugabo WA Rihanna Fenty yagizwe umwere ku byaha yakurikiramwagaho

By Bienvenudo.com
Fri, 21-Feb-2025, 13:50

Umugabo w'umuririmvyikazi w'igihangange muri Amerika Rihanna yaraye yejejwe n'ubutungane inyuma y'igihe yagirizwa kurasa mugenzi we.

Rihanna yari agize iminsi aza araboneka muri sentare gushigikira ASAP Rocky, mu rubanza rwari ruteje amakenga mubanyamuziki batari bake muri Amerika.

Umuraperi akomeye muri Amerika Rakim Athelaston Mayers azwi nka ASAP Rocky akaba ari nawe mugabo wa Robyn Rihanna Fenty, umukenyezi yabikoze bigakunda mu muziki muri Amerika, yari agize iminsi akurikiranwa n'ubutungane ku caha c'uko yoba yararashe umugenzi wiwe mu mwaka wa 2021.

 A$AP Rocky yarejejwe n'ubutungane bw'i Los Angels kuri uyu wa kabiri uheze, aho yabonetse asimbira ku bantu n'ivyishimo, kugira ashobore kurwa mu nda umugore wiwe mu gihe sentare yari ihejeje gusoma urubanza.

Rocky yagirizwa kuba yararashe n'inkoho yo mu bwoko bwa semi-automatique umugenzi wiwe wa kera basangiye uruganda rwa muzika ruzwi nka hip-hop A$AP MOB, aba bompi akaba ari bo baruremye.

Muri uru rubanza A$AP Rocky vyari bizwi ko ashobora kuca afungwa imyaka 20 mu gihe yari kwagirwa n'icaha.

Rihanna asanzwe afitaniye abana babiri na A$AP Rocky yari agize iminsi aza araboneka muri sentare gushigikira umugabo wiwe, yanezerewe cane n'ivyavuye mu rubanza aho yaciye yandika vyihuta ubutumwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ubutumwa bwari bufise amajambo y'ivyishimo agira ati: 

" Icubahiro n'ic'Imana kandi n'ic'Imana gusa, Imana yibuka, yicisha bugufi mukigongwe cayo"

"The Glory belongs to God and God alone! Thankful, Humbled by his mercy"

Joe Tacopina umushingwamaza wa Rocky yahavuye mbere avuga amajambo yo gutebura aho Rocky yasimbira ku bantu arwa mu nda umugore urubanza ruhejeje gusomwa. Joe Tacopina agira ati: " Burya sinari nzi n'uko ari umunonotsi kurya. Yasimvye bukwi na bukwi  [mu maboko ya Rihanna]"

“I didn’t realize how athletic he was. He did a single leap [into Rihanna’s arms],”

Iki caha Rocky yagirizwa n'ico mu mwaka wa 2021 aho mugenzi we Terell Ephron azwi nka A$AP Relli yamwagirije kuba yamukomerekeje ku kuboko amurashe mumishwano bariko bagiriranira.

Aba batanguye bashwana mu nyuma Terell avuga ko Rocky yasohoye inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet ayimurabisha mu gikiriza avuga ati: " Ubu ngoba ndakwice"

Munyuma yahavuye yigendera ariko ishavu riraniga Terell Ephron ariko kumukurikira hanyuma Rocky Mayers nawe arahindukira aramurasa, nk'uko Terell we abivuga.

Uwuburanira ASAP Rocky yagumye yerekana ko Ephron ari inkuru yubatse kugira arye amahera Rocky, kuko n'iyi nkoho ivurwa itari inkoho y'ukuri ahubwo yari inkoho y'igipupe, ibi kandi ivyabona bibiri biva mu ruganda rw'aba baririmvyi babiri, vyaremeje cane ko iyi nkoho Rocky yari afise itari iy'ukuri ahubwo cari igishusho.
#Nagaciro

Inkomoko: https://www.rtl.be/people/news/la-gloire-appartient-dieu-aap-rocky-relaxe-dans-son-proces-pour-agression-avec/2025-02-19/article/739800

https://www.rollingstone.com/music/music-news/rihanna-react-asap-rocky-not-guilty-verdict-1235272421/
#Nagaciro

Related Updates

WhatsApp Google Map

Safety and Abuse Reporting

Thanks for being awesome!

We appreciate you contacting us. Our support will get back in touch with you soon!

Have a great day!

Are you sure you want to report abuse against this website?

Please note that your query will be processed only if we find it relevant. Rest all requests will be ignored. If you need help with the website, please login to your dashboard and connect to support

;