KUBERA IKI ABANTU BABANA BAKUNDANA NYUMA Y'IGIHE GITO BAKIPFUZA GUTANDUKANA ?
Iki ni ikibazo gikomeye kandi gihangayikisha imiryango myinshi. Impamvu zituma abantu bashakana bakundana, hanyuma nyuma y’igihe gito bakifuza gutandukana, ni nyinshi.
Umwe wese bivanye naho ari, uburambe abifisemwo canke abo ahura n'abo afise inyishu zitandukanye nizuwundi.
Aha rero ngiye kugerageza kwerekana impamvu zoba zibituma, ariko nsifise ukuri 100% nawe urashobora kunganira.
1. Urukundo rushingiye ku marangamutima gusa
Bisigaye vyibonekeze ko abenshi babana bagendera ku rukundo rw’amarangamutima (feelings): kwishimana, ubwiza bugaragara inyuma ibimero vy'umubiri , amajambo meza n'ibindi.
Iyo ayo marangamutima agabanutse (kandi agabanuka vuba), urukundo rutagira imizi rurasenyuka. Umuntu ugasigara umubona nkumunyamahanga
2. Kutamenyana bihagije mbere yo gushakana
Abantu benshi
ntibaganira ku ndangagaciro(ico umuntu vyanka nico akunda)
ntibavuga ku mafaranga
ntibaganira ku myizerere, abana, umuryango, n'ibindi
Abenshi banana bataramenya neza “uwo bashakana”, maze ukuri kukabonekera nyuma y’ubukwe uyu canke uyundi agatangura kwibwira ko uwo atariwe yashaka, canke yihuse n'ibindi.
3. Kwitega ko uwo bashakanye azahinduka
Ibindi bisigaye vyibonekeza nigihe uwo mugiye kubana umubonako ikosa ubona ko rigoye kwihangana, ariko ukibwira ko azohinduka, bakunzi banje uwudahindutse mukoreshanya, ntazohinduka mubana, rero iyo bidashobotse, guhangayika n’umujinya biratangura, bikarangira bashaka gutandukana.
4. Ibibazo vyukutaganira neza
Kutaganira neza
Gukingana bimwe mumigabi Y'URUGO, aho umwe ashaka gukora ico ashaka,
Gutukana no kudahana iteka,
Kwicecekera igihe hari ikibazo
Iyo abantu batabashije kuvuga no kumvana, urukundo rurakonja.
5. Ibibazo vy'ubutunzi n’amafaranga
Amafaranga adakoreshejwe kuneza ya bose :
atuma habaho amakimbirane
agatuma umwe yumva ko ayoboye uyundi nawe ata jambo afise amakimborane akaba aratanguye
Iyi ni imwe mu mpamvu zikomeye zitandukanya ingo.
6. Kwivanga kw’imiryango n’abandi bantu
Ababyeyi
Incuti
Abaturanyi nubwo bafita uruhara runini mumuryango ugitangura, sibo bogufatirako akarorero muri vyose
Iyo umuryango musha utagira imbibe, abandi barawinjiramo bakawusambura buhoro buhoro ego nobabahanure, ariko namwe mubeho uko mubishaka kandi mwumvikanyeko.
7. Guhindukirwa n’ibigeragezo vy’ubuzima
Indwara, kubura akazi, kuvyara igotsina kimwe canke mutavyivikanyeko, guhindura aho muba(mukava mugisagara mukaja ruguru kubera uburyo bugabanutse) …
Iyo urukundo rutashingiye ku kwiyemeza, ibi bigeragezo bituma umwe avuga ati:
“Sinari niteguriye ibi”.
8. Kudafata ukubana nk’isezerano rikomeye
Bamwe bashakana babifata nk’“igerageza”.
Iyo habaye ikibazo, gutandukana bifatwa nk’igishoboka ca mbere, aho kuba ica nyuma bagerageje izindi nzira zose zishoboka.
IGIKWIYE GUKORWA:
Kwiga gukunda nk’icemezo, si amarangamutima gusa
Kuganira kenshi kandi mu kuri
Kwubaha, kwihangana, no kubabarirana
Gusaba inama (abajanama, abapadiri canke abapastori
Urukundo rw’ukuri ntirubura ibibazo, ariko rubura abantu badashaka kubirwana.
Komeza gufyonda kuri #SUIVRE musabikanirize nabandi
Mubona ivyo ntavuze mumbwire muri commentaire dukomeze kwigishanya.

Komeza gufyonda kuri #Bienvenudo
musabikanirize nabandi