by Bienvenido Info
January 8th 2026.

KUBERA IKI ABANTU BABANA BAKUNDANA NYUMA Y'IGIHE GITO BAKIPFUZA GUTANDUKANA ?

Iki ni ikibazo gikomeye kandi gihangayikisha imiryango myinshi. Impamvu zituma abantu bashakana bakundana, hanyuma nyuma y’igihe gito bakifuza gutandukana, ni nyinshi.

Umwe wese bivanye naho ari, uburambe abifisemwo canke abo ahura n'abo afise inyishu zitandukanye nizuwundi.

Aha rero ngiye kugerageza kwerekana impamvu zoba zibituma, ariko nsifise ukuri 100% nawe urashobora kunganira.

1. Urukundo rushingiye ku marangamutima gusa

Bisigaye vyibonekeze ko abenshi babana bagendera ku rukundo rw’amarangamutima (feelings): kwishimana, ubwiza bugaragara inyuma ibimero vy'umubiri , amajambo meza n'ibindi.

Iyo ayo marangamutima agabanutse (kandi agabanuka vuba), urukundo rutagira imizi rurasenyuka. Umuntu ugasigara umubona nkumunyamahanga

2. Kutamenyana bihagije mbere yo gushakana

Abantu benshi
ntibaganira ku ndangagaciro(ico umuntu vyanka nico akunda) 
ntibavuga ku mafaranga
ntibaganira ku myizerere, abana, umuryango, n'ibindi

Abenshi banana bataramenya neza “uwo bashakana”, maze ukuri kukabonekera nyuma y’ubukwe uyu canke uyundi agatangura kwibwira ko uwo atariwe yashaka, canke yihuse n'ibindi.

3. Kwitega ko uwo bashakanye azahinduka

Ibindi bisigaye vyibonekeza nigihe uwo mugiye kubana umubonako ikosa ubona ko rigoye kwihangana, ariko ukibwira ko azohinduka, bakunzi banje uwudahindutse mukoreshanya, ntazohinduka mubana, rero iyo bidashobotse, guhangayika n’umujinya biratangura, bikarangira bashaka gutandukana.

4. Ibibazo vyukutaganira neza

Kutaganira neza

Gukingana bimwe mumigabi Y'URUGO, aho umwe ashaka gukora ico ashaka,

Gutukana no kudahana iteka,

Kwicecekera igihe hari ikibazo

Iyo abantu batabashije kuvuga no kumvana, urukundo rurakonja.

5. Ibibazo vy'ubutunzi n’amafaranga

Amafaranga adakoreshejwe kuneza ya bose :
atuma habaho amakimbirane
agatuma umwe yumva ko ayoboye uyundi nawe ata jambo afise amakimborane akaba aratanguye

Iyi ni imwe mu mpamvu zikomeye zitandukanya ingo.

6. Kwivanga kw’imiryango n’abandi bantu

Ababyeyi
Incuti
Abaturanyi nubwo bafita uruhara runini mumuryango ugitangura, sibo bogufatirako akarorero muri vyose
Iyo umuryango musha utagira imbibe, abandi barawinjiramo bakawusambura  buhoro buhoro ego nobabahanure, ariko namwe mubeho uko mubishaka kandi mwumvikanyeko.

7. Guhindukirwa n’ibigeragezo vy’ubuzima

Indwara, kubura akazi, kuvyara igotsina kimwe canke mutavyivikanyeko, guhindura aho muba(mukava mugisagara mukaja ruguru kubera uburyo bugabanutse) …

Iyo urukundo rutashingiye ku kwiyemeza, ibi bigeragezo bituma umwe avuga ati:
“Sinari niteguriye ibi”.

8. Kudafata ukubana nk’isezerano rikomeye

Bamwe bashakana babifata nk’“igerageza”.
Iyo habaye ikibazo, gutandukana bifatwa nk’igishoboka ca mbere, aho kuba ica nyuma bagerageje izindi nzira zose zishoboka. 

IGIKWIYE GUKORWA:

Kwiga gukunda nk’icemezo, si amarangamutima gusa

Kuganira kenshi kandi mu kuri

Kwubaha, kwihangana, no kubabarirana

Gusaba inama (abajanama, abapadiri canke abapastori

Urukundo rw’ukuri ntirubura ibibazo, ariko rubura abantu badashaka kubirwana.

Komeza gufyonda kuri #SUIVRE musabikanirize nabandi

Mubona ivyo ntavuze mumbwire muri commentaire dukomeze kwigishanya.

Komeza gufyonda kuri #Bienvenudo
musabikanirize nabandi

Mubona ivyo ntavuze mumbwire muri commentaire dukomeze kwigishanya.

Bienvenido Info user

Bienvenido Info

[email protected]
Search Website

Search

Explore

Tags

Subscribe

Newsletter

WhatsApp Google Map

Safety and Abuse Reporting

Thanks for being awesome!

We appreciate you contacting us. Our support will get back in touch with you soon!

Have a great day!

Are you sure you want to report abuse against this website?

Please note that your query will be processed only if we find it relevant. Rest all requests will be ignored. If you need help with the website, please login to your dashboard and connect to support