Sénégal niyo itahukanye igikombe ca CAN 2025 muri Maroc !
Wari umupira utoroshe na gato. Wamengo ni intambara. Wabayemwo n'impari kugeza aho Sénégal yahatswe kubivamwo.
Ku munota wa 94 niho umukinyi wa Sénégal, Pape Gueye yinjiza igitsindo kimwe rudende cabaye muri uyu mukino.

Zari intambwe zibiri zihuye : Lions de Terenga za Sénégal na Lions d'Atlas za Maroc. Umurwi wose muri iyo ibiri wagwanira intsinzi igira kabiri y'igikombe c'Afrika. Maroc iheruka gutahukana ico gikombe mu 1976. Sénégal yari yatahukanye ica 2021 (ariko inkino zabaye muri 2022 kubera ikiza ca koronavirisi). None Sénégal niyo itahukanye igikombe ca kabiri.
Bravo Sénégal !
Ihiganwa rikurikira (CAN 2027) rizobera mu karere ka EAC. Kenya, Tanzania na Ouganda nivyo bizoyitunganya. Myandagaro 2027.